homepage

Dudu T Niyukuri yahinduye uburyo yakoramwo amasanamu y’indirimbo

Niyukuri yahinduye uburyo akoramwo amasanamu, ayubu yayaherekezesheje ubutumwa bwiza, co kimwe n’ugushimira abamufashije mw’ikorwa ry’iyo ndirimbo.

Mu maraso yawe niko karirimbo gashasha ka Dudu T Niyukuri, ako karirimbo kakaba kashiriwe ahabona amasanamu imisi 2 imbere yuko Noel igera. Ivyo bikaba vyari bigize imisi vyemewe n’uwo muririmvyi asanzwe yisumamwo mu gitwara Kenyatta.

Ako karirimbo kaboneka ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi kakaba kaboneka ugutandukanye n’uko twari tumenyereye indirimbo ziwe. Igituma nuko ako karirimbo gahagatiwe n’inyigisho yabanje abanza kwanza gutanga imbere yuko akaririmbo gatangura.

Murizo agaruka ku maraso ya Kirisu, kubw’abamenye imana ngo afise inkomezi nyinshi, akaba yagiye aratanga imirongo yo muri bibiliya iherekeza amajambo yariko arashikiriza. Iryo sanamu rirangira araheza akemera ko abantu bokwitega ibindi bikorwa vyiwe bishasha vuba cane.

Dudu T Niyukuri akaba iyo Video yashize ahabona kuriwe ari Official Video mu gihe abandi bohava bayita Lyrics Video kuko amajambo aririmba muriyo aheza akdnikwa muri ayo masanamu, babonekamwo ari bake cane.

Muriryo akaba aboneka ashimira abatari bake barimwo abamufashije mri Backing,  abamukoreye ayo masanamu, Landry SB, uwamuhanuye mu majwi yayo, Bright hamwe n’iyindi nzu y’ubuhinyanyuzi tutabashije kumenya.

Ntiturabasha kuronka Dudu ngo atubwire icoba catumye bashira ahabona   ayo masanamu muri ubwo buryo butari bumenyerewe hano iwacu.

https://www.youtube.com/watch?v=a1PO5nLMRck

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686