IKIRUNDI_news

Duniano ngo kubona yarasoheye Album yiwe ntibisigura ko atakibarizwa muri Wanajeshi

Frank Duniano yaramaze igihe yemerera abakunzi biwe Ko vuba agiye gushira ahabona album yiwe, bigasiba yahavuye abishikako.

The Duniano akaba yamenyesheje
indundi magazine , ko imvo yamutumye ateba kwari ukugirango abahe ibintu bitomoye.

kw’ igenekerezo rya 18 Ruheshi 2021 niho yashira ku rubuga ngurukanabumyi rwiwe rwa youtube Album igizwe n’indirimbo 15, harimwo izo
Yaririmbanye na Sat B,Big Fizzo, Kikitoure,Chany Queen,Slay n’abandi.

Wihweje neza biboneka Ko ari indirimbo nyinshi za kera nshasha zoba ari 2 gusa.

Dushatse kumenya impamvu yatwishuye agira ati: ” Nazisohoye kera nivyo, ariko benshi ntibaronse umwanya wo kuzikurikirana ubu ndasubiye kubaha ayandi mahirwe yo kuzumviriza.”
Nayo abajijwe ko yakoze Album y’indirimbo nyishi akaba yatumenyesheje ko afise nyishi ataco bitwaye.

Yongeye aranatubwira Ko inyuma yiyo album agiye kuraba ingene yosohora iyindi izobamwo nshasha yahejeje gukora ata numwe atarashira ahabona.
Nayo ku kibazo kijanye nuko ryoba ari itangazo ryuko avavanuye na Wanajeshi nk’umurwi wamureze, yavuze ko ata mugambi wo kuvayo afise kandi ko igihe ni cagera tuzobana uwo murwi wasubiye gukora ibikomeye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037