BasketballkirundiSport

Dynamo yunguruje New stars mu gikombe c’igihugu

Ihiganwa rya basket ball mu gisagara ca Bujumbura ryaraye rirangiye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 14 Ntwarante 2021 inyuma y’urukino rwa nyuma hagati Dynamo na Les hyppos bikaba vyarangiye Dynamo itsinze 71 kuri 60 bikava vyatumye New stars ija mu bibanza bine vya mbere.

 

 

Imbere yuko urukino rukinwa ibiharuro vyari bikomeye kuko Dynamo yasabwa gutsinda kugira ibe iya kabiri , Urunani rwa gatatu hama New stars ifate ica kane.

Ku ruhande rwa les hyppos gutsinda kwabo kwatuma baba aba gatatu hama dynamo ikamanuka mu kibanza ca kane , New stars ikava mu mirwi ine iserukira Bujumbura mu gikombe c’igihugu .

Naho Aubin na bebeto binjije amanota 19 umwe umwe ku ruhande rwa les hyppos ku rundi ruhande Richard Ndikuriyo yavyifashemwo neza atsindira Dynamo amanota 20 bica buja itsinzi Dynamo mu rukino Jean Hakizimana atabonetsemwo kubera ikibazo yarafise mw’ivi .

Iryo higanwa rirangiye Kern ifashe ikibanza ca mbere , Dynamo ica kabiri , Urunani ikibanza ca gatatu hama New stars irokorwa n’intsinzi ya Dynamo icironka ikibanza ca kane .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 470