IKIRUNDI_news

Edisson Ndayahoze yerekanye urubuga rwa Youtube rushasha agiye kuzokorerako

Hampande yo kuba akorera insamirizi y’imicokama, Edisson Ndayahoze asanzwe akoresha n’urubuga rwiwe rwa Facebook mu gutanga amakuru atandukanye ku banyabuhinga batandukanye ba hano iwacu. 

Uretse ivyo bibanza 2, Edisson yarigeze no gukorana n’imboneshakure Niyosel Tv ikorera ku rubuga rwa Youtube aho yaragize igihe asohoka muri Studio noneho akaja kuganira n’abantu batandukanye ku bikorwa bitandukanye bakora. Ariko Mu Nyuma akaba yahavuye abura kuri urwo rubuga, amakuru twaronse nuko yasezeye gukorana nabo.

Ku musi wa Kabiri w’ino ndwi ya yamenyesheje akoresheje urubuga rwa Youtube rushasha, ko agiye gutangura gukorera 2 y’ukwezi kwa 11, yashize ahabona urubuga rushasha rwa Youtube agiye gutangura gukorerako.

Urwo rubuga rwahawe izina rya Edisson Ndayahoze Official, rukaba ngo arirwo agiye kuzoza arakorerako, kuko abafana biwe bamuremereye kuko bariko bamusaba ko nawe yoja kwugurua urubuga rwa youtube kugira azoze abaha amakuru meza, nkuko yabishikirije muri Video yashize kuri urwo rubuga asaba abantu ngo bamukurikirane.

Urwo rubuga rukaba ari urubuga rudatanguye ejo kuko vyabonetse ko rwari rusanzwe rukora kw’izina rya Fly 257 Official, kandi hari n’ama Video atari make yaramaze gushirwako.

Mukamenya ko Edisson Ndayahoze gushika ubu akurikirwa n’abarenga 35,000 ku rubuga rwiwe rwa Facebook asanzwe acishako n’ibiganiro bitandukanye akora kuri iyo Nsamirizi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037