BurundiEducationhomepageIKIRUNDI_news

Education: Abafise ubumuga bwo kutumva no kutabona bongerwe umwanya

Abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye barenga ibihumbi 50 bo mu gihugu cose nibo bariko barakorera mu bibanza 105, ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kuja muri kaminuza catanguye kuva kuri uyu wa kabiri, kikazosozerwa ku musi wa gatanu, itariki 9 Mukakaro 2021.

Umushikiranganji w’indero  n’ubushakashatsi François Havyarimana yatangurije ico kibazo mu gisagara ca Gitega, umurwa mukuru wa poritike yasavye abariko barahagararira ico kibazo ko abana bafise ubumuga bwo kutumva no kubona bokwongerwa umwanya ku wusanzwe utegekanyijwe kuri ico kibazo.

François Havyarimana yameneysheje ko hari abanyeshure 21 bariko bakorera ico kibazo i Nairobi mu gihugu ca Kenya, agahamagarira abanyeshure gukora batekanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717