BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Emery Sun ati: “ubu mbanye neza n’abamenyeshamakuru, abakiri hariya inyuma bihangane”

Uno musi Emery Sun ngo abanye neza n’abamenyeshamakuru, bitandukanye n’uko vyari bimeze mu myaka iheze, nk’uko aheruka kubishikiriza mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Uwo muririmvyi w’uturirimbo dushika ku nyota abatari bake, yavuze ko uno musi afitaniye ubucuti bwiza n’abamenyeshamakuru, kuko akaririmbo aheruka gushira ahabona, bariko barakavuza bikamushika ku nyota.

Uwo muririmvyi avuga ko atari bose baramushigikira ariko ngo hari abamushigikira abatari bake baramwumva. Uwo muririmvyi akaba yanaboneyeho akaryo ko kwihanganisha abandi baririmvyi nabo batavuzwa, abahimiriza ko nabo bohamvya inzira yo kudaceceka ariko bakabandanya bavuga ibitagenda neza.

Emery Sun muri ico kiyago yagiranye na Ingoma 257 avuga ariko ko abandi akirindiriye ko bamuhamvya ari aba Dj, naho nabo nyene harimwo abamushigikira.

Mukamenya ko Emery Sun ari umwe mu baririmvyi b’abarundi bari bamaze igihe bakoma induru ko umuziki w’abarundi utariko uramenyekanishwa nk’uko vyakagomvye kuba bikorwa mu ma radio ya hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717