IKIRUNDI_news

Imiliyoni 100 kugira abashe kugura impuzu z’amezi 8, imboneka rimwe mu karere

Eric Omondi umwe mu bakinyi ba Comedie muri Afrika y’ubuseruko asanzwe akunzwe cane, yavuze amafaranga y’umurengera yaguze impuzu azokwambara amezi 8 ari imbere. Akazokwambara izo mpuzu adasubiramwo n’imwe. 

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru The Star co muri kenya abishikiriza, Omondi ngo yashimye kuja hamwe n’abasanzwe bamufasha mu bijanye n’ukwambara, hamwe n’abazicapa 2 , Diana chanzu na Gold Nelinda ngo bamukorere impuzu azambara.

Ico gikorwa kitari gito canatumye hatumwako ibitambara bimwe bimwe mu mahanga ngo vyamutwaye amafaranga angana n’imiliyoni 6 n’ibihumbi 200 vy’amafaranga yo muri Kenya, angana n’imiliyoni 113,820,464 mu mafaranga ya hano iwacu.

Ico gikorwa camutwaye amafaranga atari make nkuko yabiyagiye ico kinyamakuru, yamenyesheje ko yabikoze kugira abashe guhindura uko abantu bamubona, kuko ngo ubu star ntibuhagaze ku ngabire gusa, ariko kubwa Omondi ngo nuko aboneka navyo biragira ico bivuze.

Kuri ukwo kuboneka, Eric akaba atanga akarorero k’aba Stars bo muri Amerika co kimwe n’aba Tanzania ngo basa n’ababasize cane mu bijanye n’ukwidandaza kubera uburyo baboneka.

Ico gikorwa ariko kandi kikaba kiriko gikorwa mu gihe ariko yitegurira gukora igikorwa ca WIFE Materials, gisanzwe kiba rimwe mu mwaka, ariko ico gikorwa kikaba citabirwa n’abakobwa batari bake. Ico ariko ategura kikaba ari ica 3, mu gihe ica 2 giheruka guhagarikwa kigeze hagati, kubera inyifato zitashimwe n’abatari, zabonetse ku bakobwa bari muri ico gikorwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,021