Entertainmenthomepage

Espérance Ndoricimpa asubiye kuduha iyindi igira 4

Espérance Ndoricimpa n’umuvugabutumwa akongera akaba n’umuririmvyikazi, kuvaho afatiye ingingo yo kuririmba yemeye gushira ahabona album yiwe yise “Akisema” ikazoba igizwe n’indirimbo 7, akozogenda arasohora imw’imwe uko haciye amezi 2, ubu akaba ashitse ku ndirimbo igira 4.

kur’uyu wa kane igenekerezo rya 15 Nyakanga 2023 yashize ahabona indirimbo yiwe yise”Isezerano” inyuma y’indirimbo yaraheruka gusohora yitwa “Akisema”.
Ubu indirimbo zose zikaba zibaye 4.
Ntawuhwanye nawe,Nakutegemeya, akisema,Isezerano hasigaye indirimbo 3 kugira album yiwe ikwire.

Espérance Ndoricimpa asanzwe ari umurundikazi ariko amaze imyaka 21 ibikorwa vyiwe abikorera muri Reta zuzubumwe z’Amerika, ngo ntibimworohera kugira ibikorwa vyiwe bishike mu gihugu c’amavukiro, ariko icizere aragifise ko bizokunda abarundi bakamumenya bagahezagirwa mubutumwa atanga mu ndirimbo ziwe.

Atagihindutse mu mwaka 2024 mukwezi kwa Nzero arategura gukorera mu Burundi Igiteramo kinini kizohuza abaririmvyi batandukanye.
Vyose rero biracari mu migambi azogenda atumenyesha uko bizoba bitunganije yamara vyose Ngo abishize mu maboko y’Imana kuko ariyo izomushoboza gushitsa indoto ziwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 719