IKIRUNDI_news

Esther Nish naho atazivuga ngo mu ndirimbo ziwe, harimwo ivyamubayeko

Kimwe mu biranga abarundi n’Uburundi, n’ururimi rw’ikirundi dukesha abakurambere bacu batwitangiye. N’umurundikazi akaba n’umuririmvyikazi Esther Nish nawe nyene ngo ico Kirundi nyene nico abanza kwandikamwo indirimbo ziwe imbere yuko zihindurwa mu zindi ndimi.

Uwo mwanditsi w’indirimbo “Come and See” aho yari mu giteramo co kurangiza indwi gisanzwe gikorwa buri wa gatanu kuri imwe mu mboneshakure zisanzwe zikorera ibikorwa ku rubuga rwa Facebook, bamugarukanye ku rugendo rwiwe rw’umuziki.

Mu kiyago c’umwanya muto bagiranye na Armel, uwo muririmvyikazi yavuze aho akunda gukura indirimbo ziwe aho yamenyesheje ko azikura ku biba vyabaye ku ncuti ziwe, ariko kandi ngo hari n’ibimubako abasha kuririmbako, naho atabashije kuvuga indirimbo izarizo vyukuri.

Muri ico kiganiro Friday Sauce ca Akeza, uwo muririmvyikazi yanagarutse ku ndimi asanzwe akunda kuririmbamwo. Yavuze ko ikirundi arirwo rurimi ruza imbere y’izindi, kuko ngo n’izindi zihindurwamwo ivyo yanditse muri urwo rurimi rwiwe kavukire.

Ico gihe uwo muririmvyi akaba yaragiye gushira ahabona amasanamu y’ako karirimbo “Come and See” gaheruka gutuma abatari bake bakavugako cane gusumba, kubera ivyo manager wiwe aheruka kuvuga ku bagashize ku rubuga rwa Facebook kose ata ruhusha babisabiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037