IKIRUNDI_news

Esther Nish vuba arapfundurura agaseke yemeye

Mu makuru twabashikirije, nkuko twiyemeje kubakurikiranira abanyabuhinga bose ivyo barimwo, twarabwiye impari zari hagati ya Esther Nish na management yiwe ( Buki level)irongowe na Jackson.

Esther Nish wewe yaremanga ko habaye gushamirana ariko ntashime kuvuga ingorane zabitumye akamenyesha ko ari amabanga yakazi.

“Come and see Afrika” ni indirimbo yarekuwe audio haraca igihe kirekire muvyo tutari tumenyereye kuri uwo murimvyikazi.

Nish akaba yarabonye nawe ko yanyoteje abantu niko kuvuga muri aya majambo ati:” Guteba birangiriye ngaha.”
ku wa gatanu igenekerezo rya 16 Ndamukiza video izoba iri kumugaragaro biciye kuri akeza.net isaha icenda z’umuhingamo.

Agasigura ko bagiye gukorana inguvu kugira ibikorwa vyiwe bize birasohoka kumwanya.

Akarangiza akengurukira abakunzi b’ibikorwa vyiwe ko boguma bamwizera nkuko babikuze nawe akarushirizaho ku bakunda no kubaha ibintu vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037