IKIRUNDI_news

Famba ngo abiyorobetsi ntibabarondere

Happy Famba agashavu ni kose kuba abantu batabasha kubashigikira mu bikora barimwo, ariko ukaza wumva umuntu ngo ariko ashaka ko bamuha Interview. Ivyo akaba yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Instagram muri Stories kuri uyu wa kane

Uwo muririmvyi amaze imisi ari muri Media Tour hamwe n’abandi bose barikumwe muri Label, kubera indirimbo zabo bariko barashira ahabona, yagarutse ku bantu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi batigera babashigikira ariko bakabasaba ibiganiro.

Yagize ati : “Abantu b’imbugahwaniro (Social Media) barakunda gusaba ama Interview, ariko uravye Page zabo, ntana rimwe barigera bagushirako, kubijanye na Promotion turacari hasi, abantu bizo ngeso ntimuturondere.”

Famba akaba we aheruka gushira ahabona iyo yise Rudi inyuma ya Ndani Remix, Vichou nawe akaba afise Bereke ifise indwi 1 gusa igiye ahabona, nayo ubuheta bwa The fighter Production –Difficile 5g- akaba afise iyitwa Dori.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036