IKIRUNDI_news

Festival de l’independance igiye kuzohora iba buri mwaka   

Iciyumviro co kwiginana n’abandi barundi intahe yo kwikukira ngo si gishasha muri Bantu Bwoy nkuko babishikirije mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru mu nyubakwa z’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi.

Abarongozi ba Bantu Bwoy bamenyesheje ko bari basavye uruhusha ngo bakore ico gikorwa mu mwaka uheze, ariko bakaba batagize amahirwe ko guhabwa urwo ruhusha, ariko guca bunguruza imyiteguro noneho bakabishira muri uno mwaka.

Imyiteguro nkuko babandanije babishikiriza ngo igeze kure kuko ibikoresho bitandukanye birimwo ibisohora amajwi co kimwe n’ubutambiro (Stage) vyamaze kuboneka.

Igitigiri kitari gito c’abaririmvyi bakaba bazoboneka muri iyo sabukuru y’ukwikukira (Festival de l’independence) izobera mu  gisagara ca Bujumbura ku ma genekerezo ya 2 na 4/7 kuri Jardin Public hamwe n’uwa 3/7 mu kibanza citiriwe ukwikukira(Place de l’independance).

Igitigiri kitari gito c’abaririmvyi b’abarundi kikaba kizoba kiri muri ivyo bibanza, ngo bahimbazanye n’abarundi bazoba babashije kuronka akanya n’uburyo bwo kwinjira muri iryo sabukuru, na rirya ari naco cipfuzo c’abateguye iryo sabukuru.

Ikindi camenyeshejwe muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, n’uko rikaba irya mbere n’irya nyuma bategura igikorwa nkico, kuko bipfuza kobazobandanya bakora iyo sabukuru.

Mwomenya ko gushika ubu ata sabukuru y’uwo musi yari bwahabe hano iwacu, ivyahora bihaba bikaba vyahora bitegurwa n’abarundi baba mu mahanga, aho buri mwaka bahora bahurira hamwe bakigina uwo musi Uburundi bwasubizwa Intahe y’ukwikukira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037