Abagiye badukurikirana kuva Dutanguye kubabwira ibijanye n’isabukuru “Dukunde Uburundi” amagenekerezo yarahindutse ndetse nahari Irebe company hari Dicobu uti bigiye kugenda gute?
Isango ryahindutse ahari igenekerezo rya 19 Myandagaro Ubu n’igenekerezo rya 12 Myandagaro ikibanza nikuri Arena Nyene, isaha cumi nimwe(17)ishirahamwe Dicobu risanzwe rihurikiyemwo abarundi baba mu mahanga bakaba bashimye gufata mu minwe integuro yose yiryo Sabukuru Dukunde Uburundi.
Tubibutse ko ico ciyumviro cazanywe na Irebe company irimwo umuririmvyi August Burundi bafadikanije na RTNB ariko Ubu ikaba ari Dicobu na RTNB Icatumye bihinduka ngo impamvu n’ibiganiro bakoranye barabona KO iyo sabukuru Dukunde Uburundi ku ncuro yayo yambere baciye bayirekera Dicobu Ibanze iyitegure uko imyaka izogenda iragenda barahaye ikaze uwo wese yumva ko bofashanya muguha agaciro akaranga k’abarundi ndetse no gukundisha abarundi igihugu cabo.
Abagiye kuboneka muriryo sabukuru bamaze gushirwa bose ku mugaragaro ni August Burundi,abavuzi b’ingoma barongowe na Dunia Abedi komeza akaranga ,Imirwi ndangakaranga Amagaba,Lac aux oiseaux,Mutima le comédien,abakinyi ba Ninde, les jumaux Music,pascalinda, Clapton kibonge wo mu Rwanda.
Kw’injira ahasanzwe n’ibihumbi 30.000 fbu
VIP: 50.000 fbu
VVIP: 100.000fbu
Nugusidukana n’iyonka mukaja gushigikira akaranga k’iwacu tubibagira ko iyo sabukuru izoza iraba uko umwaka utashe


















