homepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Ndikuriyo Patient umunyegori mwiza wa Primus League yerekeje mu Rwanda.

Umunyegori wa Bumamuru Fc Ndikuriyo Patient yerekeje mu mugwi Amagaju Fc mu gihugu kibanyi Urwanda.

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 05 Mukakaro 2023 , aho uwahoze ari umunyegori wa Bumamuru Fc Ndikuriyo Patient yashira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Amagaju Fc mu kiringo c’imyaka 2.

Uwo munyegori niwe yatowe nk’umunyegori mwiza yaranze ihiganwa rya Primus League 2022-2023 .

Mu nkino 30 zose za Primus League 2022-2023 yakinye , yamaze inkino 14 zose atinjizwa n’igitsindo na kimwe ( Clean Sheets 14) .

 

Uwo mukinyi akaba yajanywe muri uwo mugwi n’umumenyereza w’Umurundi Niyongabo Amars asanzwe ariwe nawe yanadugije uwo mugwi ugiye gukina mu cicaro ca mbere.

Mwomenya ko Ndikuriyo Patient ata masezerano yari agifitaniye n’umugwi wa Bumamuru Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807