IKIRUNDI_news

Festival Music Marahaba iragarutse kandi mu Burundi

Nk’uko twavuganye n’uwusanzwe arongoye iyo Festival mu Burundi yatubwiye ko uko umwaka utashe iyo festival itegerezwa kuba, iba ihurikiyemwo abaririmvyi bo ng’aha iwacu, hama uko imyaka ibiri irangiye Festival Marahaba iba irimwo abaririmvyi batandukanye bavuye mu bihugu bitandukanye.

Ibisabwa kugira uje muri iyo festival n’ukwiyandikisha mu kiringo baba batanze kitarenga n’ivyo babasavye ngenderwako ukabikurikiza bagaheza bagatora abarekuriwe guserukira abandi.

2021 yabereye i Bujumbura mu bibanza 2 bitandukanye mu Kinana no mukigo c’abafaransa mu Burundi(IFB).
Abaririmvyi barimwo bose barashimye uko vyari bitunganije kuko n’agafu barakaronse uko bari babisezeranye.

Twibukanye ko iyo festival Marahaba yashoboye gutorwa mu ma festival yose akorwa kw’isi 147 nayo yarimwo.

2022 baragarutse kandi umuririmvyi wese arahamagariwe kwiyandikisha.
Izoba igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2022, kwiyandikisha bikazorangira igenekerezo rya 5 Nzero 2022.
Umuririmvyi wese arahawe ikaze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037