IKIRUNDI_news

Fortran Bigirimana ariko yisuganya na Adrien Misigaro ngo basohore amasanamu y’indirimbo yabo

Inyuma y’amasanamu y’indirimbo je me Prosterne ya Fortran Bigirimana, yashizwe ahabona kuri 5 rusama [5], uwo muririmvyi yamenyesheje ko ariko akora amasanamu y’indirimbo yakoranye n’umwe mu baririmvyi bo muri kano karere. 

Akoresheje imbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, Fortran yamenyesheje kuri uyu wa mungu abamukurikirana ko umwe mu ncuti ziwe, Adrien Misigaro, barikumwe mu bufaransa i Lyon bariko barakora igikorwa gishasha. Amajambo nkayo nyene niyo na Misigaro nawe yari yasangije abamukurikirana kuri Instagram.

Indirimbo bariko bakorera amasanamu, n’indirimbo ishobora kuzoba yitwa Birakumvira, ijambo riguma rigaruka cane mu majambo aherekeza amasanamu bagumye bashira ku mbuga ngurukanabumenyi zabo.

Misigaro nawe akaba atahengeshanije gushimirira Fortran ku bihe vyiza bamaranye muri ico gihugu c’ubufaransa. Yagize ati : ʺ Nagize ibihe vyiza mu bufaransa, Warakoze @Fortranbigirimana kunyakira #birakumvira.ʺ

Fortran akaba imbere y’ugusohora akaririmbo Je me Prosterne kasohotse haraheze ukwezi, yaheruka gusohora amasanamu y’akaririmbo Tu es Yahweh yari yakoranye na Derek Jones umunya Ghana aba muri Cote d’ivoire.

Fortran akaba amaze igihe kitari gito akorera ibikorwa vy’Imana n’umuziki mu gihugu c’ubufaransa, akaba kandi adaheruka gukorera igiteramo na kimwe hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036