IKIRUNDI_news

Fortran ngo yari yajanywe I Kigali n’ugukora ibikorwa vy’umuziki

Ku musi wa Kane w’indwi yaheze Fortran Bigirimana yari yamaze gushika I Kigali, Aho yarajanywe n’ukumenyekanisha Indirimbo yiwe nshasha yakoranye n’umunyarwanda “Adrien Misigaro”. 

Urwo rugendo ngo rwamaze umwanya nk’uwo urume rumara kuko yarahafise ibikorwa biri ku rushi, Fortran Mu kiganiro na Chita Magic, yavuze ko hari Indirimbo yaranagiye gukorera amasanamu.

Iyo ndirimbo yarigiye gukorerwa amasanamu akaba ari Indirimbo yakoranye n’umugwi w’abaririmvyi James And Daniella usanzwe uririmbira mu Rwanda. Iyo ndirimbo nkuko yabandanije abiyagira uwo mugenzi wacu akaba yayise Amaraso yawe.

Fortran Bigirimana akaba yanaboneyeho akaryo ko gusaba ngo abantu bamukurikirana kuri YouTube yiwe kuko ibikorwa bishasha buca bisohoka. Mu bigiye gusohoka hakaba harimwo amasanamu y’iyo ndirimbo nshasha, amasanamu y’igiteramo yakoreye I Kinshasa, n’ibindi vyinshi.

Fortran Bigirimana akaba inyuma y’urwo rugendo yakoreye I Kigali, yamenyesheje akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram ko hari Indirimbo ariko arakorera hano iwacu. Nahoa adatomora igitigiri cazo.

Mwomenya ko Fortran aje hano iwacu avuye I Kinshasa mu bikorwa yari yatumiwemwo, akaba yarafise igiteramo igenekerezo rya 11 z’uku kwezi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037