Entertainmentkirundi

Frank Duniano inyuma yagacerere agarukanye na Lolilo

Duniano n’umuririmvyi w’umu rapeur benshi mwamumenye mu murwi Wanajeshi nubwo ivyerekeye uwo murwi ubu tukivyumva, turabona abaririmvyi bari bawugize umwe wese akora kugiti ciwe.

Muri uko kwikorana rero na Frank yagiye aratwereka ibikorwa bitandukanye ndetse na album yiwe yise “Stand by”yari igizwe n’indirimbo 16

Inyuma yiyo album yiwe duheruka kubona indirimbo yiwe ifise amasanamu yise” “wanapenda”akaba ari umuririmvyi tudakunda kubona akora video ivyari nk’i gitangaza.

Nayo impamvu yama ariko arasohora indirimbo zidafise amasamu ico kibazo yaracishuye kuri Indundi TV, akavuga ko Impamvu ari iyuburyo buke kuko ubu ariwe asanzwe ahagarikiye ibikorwa vyiwe, ari nayo mpamvu n’indirimbo ziwe zitaboneka kugihe.

Nubwo yarabanyoteje ngo vuba araza ni gikorwa gishasha yise” K ajanja” azoba arikumwe na Lolilo ntarashima kuvuga ko ari ryari ariko ngo turindire ngo ni vuba

 

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550