Entertainmenthomepage

Frank Duniano vuba ngo arabaha video

Umu Rapeur Frank Duniano n’umwe mu bemeje abatari bake, benshi banakunze Impano yiwe ariko bamwe bakibaza impamvu atashigikirwa, ko vyoba biva ingene aririmba cane igiswahili, nuko hoba hari ibindi vyinyegeje inyuma?

Ugerageje kuraba agikorana n’abagenzi we mu murwi Wanajeshe nka Big Fizzo,T Max,Frank Duniano,Makidadi wari umurwi ushigikiwe cane ariko nubwo bataravuga Ko basambutse, akuzuye ntikamurikwa ntabishasha vyabo duheruka kubona haciye n’igihe kirekire umwe wese tubona akora kugiti ciwe.

Frank Duniano nawe nyene abandanya ariko arakora ku giti ciwe indirimbo ziwe zitari nke ariko zitagira amasanamu, bikaba arino muri bimwe abandi bibaza KO bituma ibikorwa vyiwe bitaguma biri kugihe.

Aheruka kurekura indirimbo yiwe “Wanapenda”ifise amasanamu ariko ngo vuba twitege indirimbo yiwe” Nitoke Vipi”yasohoye audio kera agomba ayisohorere amasanamu.

Nubwo ataratubwira neza na neza ryari isohokera yaduhamagariye kwanza kuja kumukurikirana kuri youtube yiwe yitwa “Frank Duniano”

Hamwe woronka akaryo koguhura nuwo muririmvyi womuhanuriki?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722