kirundi_entertainment

Frank Duniano|Indirimbo yugara umwaka yayirekuye

Ni umuririmvyi w’umu rappeur amaze igihe kitari gito muri uyu muziki ndundi.

Duniano yatanguye kugaragara cane mu murwi Wanajeshi warugizwe na Big fizzo, T max ,Frank Duniano,na Makidizo.

Hagati yaho yarakora no ku giti ciwe aho yaciye asinya amasezerano na Ikho mulisevices inzu yafasha abaririmvyi yari irongowe na Aruna ikoriciza, yari yafashe
Emery Sun,Double Jay,na Frank Duniano.

Ayo masezerano arangiye yaciye abarizwa muri Wana nchi bafise studio Wana Record yahoze ikoreramwo Dj Kolly na Bed Best
uburyo bakorana vyari nk’umuryango ata masezerano .

Umwaka 2021 yaragerageje gukora ariko nkuko yavuganye na indundi Magazine yarasiguye ukuntu bigoye gukora udafise manageur ahagarikira Ibikorwa vyawe ari nayompamvu tubona akora yinanata agasohora indirimbo zitagira amasanamu.

Yamara ngo icizere aragifise umwaka 2022
kuko hari abagiye kumufata mu mugongo nubwo atashimye kuvuga abaribo gusa yavuze kwatari manageur ahubwo ari uwugiye kumufasha.

Igenekerezo rya 30 Kigarama 2021 yarekuye indirimbo yiwe ” Mpaka kuche” ikaba iri kuri youtube ya Frank Duniano
Ije irangiza umwaka,
yanatwijeje ko umwaka utanguye vidéo yiyo ndirimbo azoyishira ahabona ariko ntiyatumenyesha neza na neza ni Isango.

Mukumushigikira dukubitire kuri youtube twumvirize iyo ndirimbo yiwe “Mpaka kuche”
turyoherwane nawe umwaka mushasha 2022

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,021