Diasporadiaspora eventsdiaspora promotedhomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

#DiasporaNews| Arizona : Hazoca uwambaye kuwa kabiri nzero 2022

Kuwa 2 nzero umwaka w’2022 hazoca uwambaye muri Arizona muri Reta zunze ubumwe za Amerika aho abaririmvyi b’ababarundi batandukanye baba muri ico gihugu bazoteramisha benewabo baba muri ico gihugu mu ntumbero yo guhimbariza hamwe umwaka mushasha w’2022.

Nk’uko biri kuri “affiche” bashize ahabona, mu bazoteramisha harimwo abaririmvyi nka Don Brighter, Jackson Youssuf, Babbi, Concep, DCash, GStar, n’abandi.

Ico giteramo bataziriye “NDI UMURUNDI”, kizoba kigabuye mu mice itatu, umuce wa mbere ukazoba ari uwo gutazira Imana aho Jackson Youssuf azoba ari kuri stage ateramishe abazoba bari aho mu ndirimbo ziwe zihayagiza Imana, umuce wa kabiri azoba ari ugutamba urwemarika mu ntambo z’ikirundi tutibagiye umurisho w’ingoma nayo umuce wa gatatu abaririmvyi batandukanye bazoheza bateramishe abaraho mu ndirimbo zabo ndundi.

Mwomenya ko muri ico giteramo hazoba hari umushitsi w’iteka Éric NIRAGIRA, umuyobozi w’abarundi bakorera mu mahanga ku rwego rw’Igihugu, kikaba gitegekanijwe kuzotangura isaha icumi z’umuhingamo kirangire isaha indwi z’ubuca, kikazobera muri gisagara ca Phoenix, Thomas road 2227 W.

Murahawe ikaze barundi muba muri Amerika!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 689