homepage

Gaga Blue yavuze abakobwa amaze gusomana nabo

Ugusomana kuri Gaga Blue ngo n’ibisanzwe, ivyo akaba yabishikirije inyuma y’amashusho bariko basomana na Miss Erica yashizwe ahabona. Akaba kandi yavuze ko atariwe wenyene amaze kubikorako.    

Mu gihe hari haheze igihe kitari gito asa nkaho ari mu gacerere ata n’ibiganiro bitandukanye akora, Gaga Blue mu iganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu yavuze ku ibazo abatari bake bibajije mu misi iheze.

Ico kibazo yabajijwe kijanye n’amashusho yabonetse arikumwe na Miss Erica, aho babonetse basomanira musi y’amazi. Ayo mashusho akaba yavuzweko vyinshi birimwo kuba basigaye bafitanye ubucuti budasanzwe. Ariko ico uwo muririmvyi akaba acamirira kure, we akavuga ko amufata nka mushikiwe.

Muri ico kiganiro kuri BETV, uwo muririmvyi akaba yavuze ko amafoto yasohowe ngo ari ayasanzwe kuko ugusoma amaze kubikorana n’abakobwa batari bake ngaha iwacu, barimwo ibihangange muri uno muziki wacu.

Mu bigeme yavuze ko bamaze gusomana, yavuze Miss Erica, Chany Queen hamwe na Ashley Diva kuriwe akabona ko ari ibisanzwe, kuko kirya gihe ngo bari mu karuhuko.

Aho mukamenya ko 2 muri abo 3 yavuze bakoranye ibikorwa vy’umuziki kuva kera, aho tukavuga bagikorera muri Studio yitwa Maibobo Records.

Akaba yahavuye anagirako yemera ko hari bishasha akiriko arategura muri ino misi, aho akavuga ko birimwo indirimbo zitari nke azosohora muri uno mwaka uza. Murizo hakavurwamwo iyo yakoranye na Miss Erica co kimwe n’iyo yakoranye na Big Fizzo ngo yasabwe n’abatari bake mu bakurikiranira hagufi ibikorwa vyiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671