IKIRUNDI_news

Gasore nawe yavuye mu gacerere avuga ivy’ikinjura ryiwe muri Ihuriro Tv

Uwutarumva induru zigize imisi zivuga mu basanzwe bakina amareresi acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi nka Youtube, n’uwudaheruka kwugurura agahamagazo kiwe, canke yahinduye atagikurikirana ibivurwa mu binyamakuru bikorera ku buhinga ngurukanabumenyi.

Muri ino misi ho ivy’izo nduru bikaba vyabaye ndanse, kuko bamwe bamwe batanguye kwitana amazina adahumuriza, abandi bakanitura ubutungane basabira bagenzi babo ibihano. Bakibagira ko igito gitabwa iwabo. Abo ndiko mvuga n’abagize umugwi usanzwe witana umuryango ukina amareresi ashirwa ku rubuga Ihuriro Tv.

Umwe muri abo ni Ismail Gasore, umusore akiri muto ariko amaze gushika ku nyota abatari bake biciye ku mareresi atandukanye asanzwe akina, co kimwe n’ibiteramo bitandukanye amaze kwitabira hirya no hino muri kano karere. Uwo we akaba adahuza n’abandi bamaze gukinjura muri uwo mugwi, bagenda bagiriza uwusanzwe abakoresha ariwe Hamisi ko ataco abaha mu gihe urwo rubuga rwinjiza ayatari make.

Ismail Gasore amaze imisi yitwa BabaLao we avuga ko uwo mugabo bagize imisi batera amabuye ngo atabibereye ngo kuko yareze neza abo bana bariko bashaka kumwotsa abona, nkuko aheruka kubiyagiranye umutananirwa mugenziwacu. Ayo mareresi afatwa anatunganywa na Hamissi akaba yarafashije uwo munyeshure wo kuri Lycee Vugizo kubandanya akundwa bikomeye n’abarundi batari bake.

Ariko naho ashimangira ko uwo muryango awubaha bikomeye, yaranabonetse atanguza ku ruhande rwiwe umugwi umufasha gukina amareresi ashira ku rubuga rwiwe rwa Youtube rwari rusanzwe rukora ariko ashirako amashuho gake kabaho.

Landry Promoter mu kiganiro bakoranye amusanze asohotse ishure, baragarutse ku kibazo cahavuye kibonekamwo inyishu ijanisha kw’ishingwa ry’uwo mugwi. Gasore yavuze ko ishirwa ry’uwo mugwi ridasigura gusezera muri Ihuriro Tv, ahubwo ngo yashimye nawe gukuza izindi ngabire zitandukanye yabonye ko zisinziriye.

Abajijwe ko nawe azohava agakinjura nka bagenziwe, uwo mukinyi w’amareresi yavuze ko akirindiriye ko abavyeyi bamusohora, kuko umuvyeyi mwiza asohora umwana amutekereye.

Abamaze kuboneka bakinjura muri Ihuriro Tv bakaba atari Nilam aheruka gukinjura wenyene, ariko hari n’abandi nka Komanda nawe amaze gusezera uwo muryango umaze kuzanira Uburundi agashimwe bahawe na Youtube kuko bakwije ababakurikirana barenga 100,000 kuri urwo rubuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037