Agriculturehomepage

Gihanga: Abarimyi barashima ko ifumbire ya FOMI ubu yabonetse

Abarimyi bo muri iyo komine y’intara ya Bubanza barashima ko muri iri rima ryambere ry’agatasi ata kibazo c’ifumbire y’ihinguriro FOMI kihari .N’uburongozi bwa commune burashima, kuko iyo commune yahora igira ikibazo co kubura ifumbire ya FOMI mu myaka iheze. Bose basaba ko vyoguma uku n’imyaka iza, kugira umwimbu w’uburimyi wiyongere.

Abo barimyi gushika uyu munsi bashimako ata muntu ashaka ifumbire FOMI ayibura, ibitari bimenyerewe mu myaka iheze, bamwe bariko barayigombora, abandi bahejeje kuyigombora.

Musitanteri wa komine Gihanga Léopold Ndayisaba na we nyene avuga ko ibibazo vy’ubukene bw’ifumbire ya FOMI vyo mumyaka iheze uno mwaka ata bihari. Yemeza ko umurimyi yarishe kandi afise agatike yahawe bita “jeton” ahabwa ifumbire kurugero yarihiye rwose. yongerako ko uno mwaka ibintu vyifashe neza, mu gihe atariko vyahora.

Yizera ko hamwe ifumbire yobandanya iboneka neza no mu myaka iza umwimbu w’uburimyi wozoca wiyongera.

Ariko rero aho i Gihanga, abarimyi ntibaratangura guteragira imbuto y’irima ryagatasi kuko imvura itaragwa neza. Leta y’Uburundi yaheruka kumenyesha ko ifumbire n’imbuto irobanuye bizoba vyabonetse hatarenze igenekerezo rya 30 nyakanga. Ikibazo gisigaye ni ugusuzuma ko ubwoko bw’ifumbire ikoroshwa bujana n’isi ndimwa , nk’uko bimaze igihe vyidogerwa na bamwe n’abandi, harimwo n’abashingamateka.

Ku makenga abo bashingamateka bashikirije bavuga ko hari aho ifumbire igikenye, ahandi naho iyikoreshwa iteye amakenga kuko kuva itanguye gutangwa mu 2019 ata vyigwa vyigeze bikorwa kugira hamenyekane ubwoko bwokoreshwa bivanye n’uko isi ndimwa imeze, umushikiranganji w ‘uburimyi ari umutumire mu nama nshingamateka kuri uyu wa 2, yavuze ko vuba hagiye kuba umurwi w’abahinga bosuzuma akanovera k’iyo fumbire, ariko ntiyavuze ryari uwo mugwi nyene uzotangurira ibikorwa.

Inkuru ya Jotham Iratuzi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672