homepagekirundikirundi_Sports

Intamba mu rugamba z’abigeme zasezereye Africa y’epfo

Umugwi nserukira gihugu w’abigeme Intamba mu rugamba batarenza imyaka 20 wasezereye gihugu ca Afrika yepfo kubitsindo bibiri kubindi.

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 Gitugutu 2023 Isaha icenda ( 15h00) , niho umugwi nserukira gihugu w’abigeme batarenza imyaka 20 wari wakiriye umugwi nserukira gihugu w’Uburundi w’abigeme batarenza imyaka 20 mu rukino rwo gusubiriza,mu kurondera itike yo kwitabira inkino z’igikombe c’Isi . Urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganije ibitsindo 2-2 .

Kubera ko urukino rwo gutangura Uburundi bwari bwanganije 0-0 na Africa y’epfo , nibwo bwaciye burengana mu gice gikurikira .

Uburundi buzoca buhura n’igihugu kizotsinda hagati y’igihugu ça Zambia na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi w’abigeme batarenza imyaka 20 usanzwe umenyerezwa na Alain Olvier Niyungeko ( Mutombola) no mu rukino ruheruka rwo kurondera itike yo gukina igikombe ça Afrika CAN rwahuje Intamba z’abigeme bakunze hamwe na Ethiopie , uwo mumenyereza yasezereye ico gihigu biciye mu buryo bw’imipira y’imiterekano (penalty).

Umumenyereza Alain Olivier Niyungeko ( Mutombola ) kandi niwe mumenyereza wenyene w’umurundi mu mateka y’umupira w’amaguru , amaze gushikana Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abagabo mu nkino za CAN mu mwaka wa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 856