homepageTransport

Gitega: Ibikorwa vyo gusanura ikiraro vyarahagaze

Ibikorwa vyo kwubaka ikiraro gihuza ama karitiye ya Shatanya na Nyabisindu mu gisagara ca Gitega vyarahagaze ivyo bikaba bitoroheza abanyagihugu baba mu makaritiye ya Mushasha na Nyabisindu mukujabuka umwonga wa Nyabugogo.Abajejwe intwaro bemeza ko baguma baganira n’ikigo ca Reta k iraba lierre’amabarabara .

Ivyo bikorwa vyahagaze nivyo kwubaka ikiraro kiri kuruzi Nyabugogo kw’ibarabara rihuza ama karitiye ya Shatanya na Mushasha hamwe na Nyabisindu bikaba bimaze imisi itarimike bihagaze mu gihe abanyagihugu bari biteze ko bigiye kuborohera kujabuka na cane cane ko imvura igiye gutasura.

Bavuga kandi ko kuva aho imvura ya mbere irwiriye mu mpera zindwi iheze, ingendeshwa zica mu mazi n’urushanga bakabona ko ibandanije igwa iryo barabara atagikozwe vuba atawugenda n’amaguru azosubira kurengana, bagasaba igisata c’igihugu kijejwe gutunganya amabarabara ku bandanya ibikorwa vyo gukora iryo barabara.

Umunyamabanga shingwabikorwa ntayegayezwa muri komine Gitega Pierre Claver Harushimana amenyesha ko igisata c’igihugu kijejwe gutunganya amabarabara ARB cahuye n’ikibazo c’ubukene bw’ibitoro co mubwoko bwa Mazout ariko ko baguma bayaga mu ntumbero y’ugukemura ico kibazo.

Uwo munyamabanga asaba abo bantu baba muri ayo ma karitiye biyunguruza baciye muri iryo barabara ko bo gira akigoro bagaca mw’ibarabara rifatanye n’irya mbere ryo muri karitiye Nyamugari mu gutenyenya ko ico kibazo cova munzira.

Inkuru Yanditswe avec Gisèle Uwimana et Irène Irankunda

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,673