IKIRUNDI_news

Gutabara canke gutabariza Norah ni kurokora Burundi bwejo

Inamahoro Ange Norah ni umwana yavutse nk’abandi bana, ameze neza, akomeye ndetse a fise n’amahirwe menshi kuri Kazoza, vyose vyagiye kumera nkibimuhindukiriye ku myaka 7 gusa igihe amagara yamera nkayashaka kumwaka ubuzima.

Narah n’umwana aba muri komine ya Kanyosha afise imyaka 15, indwara yamuzingamitse ikaba yabaye akayobera abahinga aho abaganga b’inzobere hano mu gihugu cacu bahavuye bafata ingingo yo ku murungika kwivuriza mu gihugu c’Ububirigi.

Abavyeyi b’ ico kibondo atako batari bakoze kugira baramire amagara yaco baca bamera nk’abacitse intege kuko ata mikoro yo kuvuza ico kibondo mu mahanga bafise, nayo amagara yaco abandanya gusinzikara ku mvo zuko bamushize ku miti ikomeye, kandi izimvye, kugira abe aramaze kabiri.

Uburyo bushika ku mafaranga y’amarundi i milioni mirongo itandatu (60.000.000Fbu), nibwo buriko buratuma uwo muryango utakambira wewe ufise umutima wo gutabara canke gutabariza ico kibondo.

Umuvyeyi w’ico kibondo mu kiganiro na Indundi Magazine yashize ukwizera ko twoshikana ijwi kure kandi ko hatazobura abatabara kugira mu ntango za Myandagaro(8) bikunde Norah aje kuvuzwa , indwara y’ibivyimba vyafashe ku mahaha yiwe bikamubuza guhema neza, ndetse bikaba vyaranafashe n’ibihimba vy’amaso n’umunwa birakebanya, tutibagiye imiti yandikiwe ubuzima bwiwe bwompi, iyo nayo ikaba yaramumyoye, iramuturira ku rukoba n’imitsi ikavyimba.

Ufise ico ubaza canke ufashisha uwo muryango usaba ubufasha i nomero zikurikira nizo babarirwako :
68916316
79422298
compte:20785 iri muri Coopec kw ‘izina rya Ntunga et Aline

Imana ibazigame, umutima wogufasha, no gutabara ube muri mwebwe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036