Entertainmenthomepage

Hagarutswe ku ndero Big Fizzo yahaye abahungu biwe

Mu gihe hagati ya Big Fizzo n’abana yareze Kirikou, Double Jay na Drama T hari icuka kitari ciza, bamwe bemeza ko uwo Mugabo yoba yatanze indero nziza Kuri abo basore muri ino misi bakunzwe cane.

 

Naho ata vyinshi birashikirizwa, ngo abo basore bavuye muri Bantu Bwoy bari mu bafise umutima w’urukundo haba ku Muziki w’Uburundi, canke abawurimwo, nkuko biheruka kuboneka Kuri bamwe muribo.
Mu kiyago yagiranye na Landry Promoter, Idriss Simbizi yamenyesheje ko aho yari mw’ibohero, uwo yabonye amuserukako, mu baririmvyi A
ari Kirikou wenyene. Uwo nawe akaba ngo ariwe yamurihiye amafaranga y’umu Avocat.
Uwo Mugabo muri ico kiganiro yavuze ko umuririmvyi Big Fizzo yabareze neza, kuko ngo muri Bantu Bwoy ariho hariko hava abaririmvyi bashobora gushigikira abandi muri uno Muziki wa hano iwacu.
Uburorero bwatanzwe n’uwo mugabo co kimwe na Landry Promoter ni Drama T igihe asohora umuririmvyi Baouden mu gasho, hamwe na Kirikou yamurihiye amahera y’umu Avocat.

Ngo abandi bazwi bakaba ari bake Kandi bakaba ata kindi bahuriyeko atari umuziki gusa.
Amazina yavuzwe muri ico kiganiro ni B Face na Masterland ngo iyo bahuye n’umwe mu baririmvyi bafise ikibazo, ngo bafise ikintu ntibinyegeza, baraheza bakamushikako.
Muri ico kiganiro nyene, Landry Promoter yavuze ko igihe yari mu buroko ku musaga, ngo Masterland yarabashije kumushikako.

Aha mukamenya ko Big Fizzo we iyo ndero yahaye abo bana biwe, we atigera avyerekana ku mugaragaro ko abikora.
N’abo basore biwe bamwe bakaba baheruka kwagirizwa kubishira hejuru, aho bavuze ko ngo bitari bikwiriye ko uwufasha abishira hejuru ko hari ico yagize afashisha uwundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707