IKIRUNDI_news

Hagati ya Big Fizzo na Kirikou uwuvuga ukuri n’umubeshi ninde? 

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru bashira ahabona isabukuru ry’ukwikukira “Festival de l’independance”, mbere no muri Live yakoze ariko aganiriza abafana biwe, Big Fizzo yagarutse ku muririmvyi Kirikou aheruka gusezera muri Label asanzwe yarashinze, kandi akabera umurongozi. 

Muri ivyo biyago vyose vyabaye muri uku kwezi kwa 6, uwo muririmvyi yavuze ko amakuru afise aruko uwo muririmvyi akiri muto, Kirikou, yahagaritse umuziki, ari naco gituma atanabonetse muri Festival iyo nzu y’ubuhinyanyu yariko irategura, yatanguye kuri uyu wa 2 mukakaro, kuri Jardin Public.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Big Fizzo yagize ati : “Twarabarondeye, kirikou we yavuze ko n’umuziki yawuhevye, yarabivuze, ntavyo mwumvise? Mugabo icantangaje ryari naciye ndamubona kuri Affiche. Ngira Kirikou na Double Jay bari mu bantu ba mbere bahamagawe, nkuko twabivuze ko naho bavuye muri Bantu bwoy tuzokwama tubashigikira, tuzokwama turi inyuma yabo. Baranse tout simplement.”

Uno musi nyene iryo sabukuru ryatangura, abaririmvyi n’abamwe mu bakorera ku mboneshakure zikorera ku rubuga rwa Youtube, berekeje mu ntara ya Ngozi baja kuganiriza uwo muririmvyi Kirikou, kugira bikunde bamusubize I Bujumbura, kugira abandanye umuziki.

Mu kiyago yagiranye n’abo bari bagiye kumurondera, uwo muririmvyi yamenyesheje ko atigeze aheba umuziki, kandi ko atawe yigeze abwira ko yahevye umuziki. Ahubwo ngo yari yabanje guhagarika gato kugira abashe kurangura umugambi wiwe wo gufasha abana batishoboye.

Ndabisubiyemwo nta hantu na hamwe nigeze nandika ko nahevye umuziki, nta muntu numwe nigeze mbwira ko je nahevye umuziki. Kiretse yuko navuze ko nahagaritse gatoya kuberako nje kurangura aka kagambi kanje nsanzwe mfise, kuko naronse umuntu ashaka kumfasha mu kintu namye nipfuza kuva kera.”Vyishuwe na Kirikou ubwiwe.

Ivyo vyashikirijwe nabo baririmvyi 2, mu kiringo kitangana indwi 1 gusa, harimwo ukutavuga bimwe ku kintu cababayeko bose uko ari babiri. Ikibazo c’ukumenya uwoba avugisha ukuri canke uwubesha muribo babiri kiguma kigaruka cane.

Ariko kandi si nico gusa, kuko naho badashaka kubishira ahabona, birumvikana ko itandukana ryabo rishobora kuba ritagenze neza nkuko babishikiriza bose.

Mwomenya ko gushika uwo muririmvyi yemeye kandi kugaruka I Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037