homepage

Hagati ya Mbappe na Neymar harimwo umwe ategerezwa gukinjura muri PSG

Kubera imvo nyinshi hagati ya Neymar na Mbeppe ngo hazosezeramwo umwe muri abo bakinyi mu misi ya Vuba kugira umurwi wa PSG ubashe kubandanya ukora neza.  

 Hagati ya Mbappe na Neymar ngo harimwo umwe ashobora gukinjura muri ino misi ya Vuba mu murwi wa PSG. Ivyo bikaba bishikirizwa n’ibinyamakuru vyo ku mugabane wa buraya aho bavuga ko vyoba biva ku kibazo c’uburyo, n’ugushaka kw’imirwi imwe imwe ikomeye yo kuri uwo mugabane yoba ibakeneye.

Naho hataramenyekana umurwi uzohava ubatsindira, abo muri Espagne bo bizeye ko Neymar azohava asubira muri iryo higanwa mu marushanwa azokikira nkuko uwurongoye ayo mahiganwa yabishikirije ikinyamakuru co muri Espagne Mundo Deportivo.

Abo bakinyi bose bakaba bakomeye kuri uwo murwi, kuko Neymar abuze uwo murwi uca ugira ibibazo bikomeye cane. Ariko bikaba bivurwa ko ashobora kuba ataryoherewe n’ukuba muri urwo murwi, ibituma uburyo akina budaheza ngo bubandanye buba bwiza gusumba, Performance, kandi n’imyaka ikaba ibandanya kwiyongera.

Mbappe nawe akaba aimyaka yiwe ariyo imuha ikibanza ciza muri uwo murwi, kuko ngo bamuzeyeko vyinshi muri kazoza. Ariko naho biruko, ivyo binyamakuru bivuga ko uwo mukinyi nawe akeneye vyinshi kuri uwo murwi, ko nka hamwe batabimuhaye ngo ata kibuza nawe azoheza agakinjura muri uwo murwi akaja kurabira ahandi uko ibintu vyogenda.

Gushika ubu inkuru zitaremezwa n’imirwi ivurwa, zivuga ko imirwi nka Real madrid utarasubiriza Cristiano Ronaldo, hamwe n’iyindi itandukanye ngo ishobora kugura abo bakinyi nka hamwe boshirwa kwi soko n’uwo murwi w’abafaransa.  

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686