IKIRUNDI_news

Hagati ya Mwijaku na Diamond ngo nta cahindutse

Mu bakurikiranira hafi ibijanye n’ukwidagadura muri Tanzania, barabizi ko Mwijaku aterekwa uwitwa Nasib Abdoul Juma benshi muzi nka Diamond Platnumz , ahubwo aba ari nsomambike n’abakeba biwe aribo Alikiba na Harmonise.

Mu ntango z’ino ndwi, abo babiri bavuga ko bashobora kuba batarabana ryiza babonetse bashira umukono ku masezerano yo gukorana hagati yabo, kugira Mwijaku asanzwe azwiko cane kutarya umunwa ngo abe ariwe akoreshwa mu kumenyekanisha Wasafi Bet, iyindi Business ya Diamond Platnumz.

Amajambo yabaye menshi, ngo uwo mugabo yoba yabitse inkota, kugira yakire agafaranga yahawe na Wasafi kugira bikunde bakorane. Bakabivuga bisunze yuko muvyo ahora ashikiriza ahora avuga ko Diamond ata mafaranga afise.

Mu kiganiro yahaye Millard Ayo, uwo mugabo asanzwe ari mu baremesha kimwe mu biganiro vy’umuziki muri Tanzania, yavuze ko abariko bamuvuga nabi ngo n’ibijuju kuko ata mugwizatunga ashira amafaranga ahantu abona ko atogaruka. Ivyo akaba yabivuze yisunze ko we yarondewe na Diamond Platnumz n’abamuhanura noneho ngo bakorane igikorwa ciza, nawe ngo nk’akazi ntiyoreka kugakora.

Uwo mugabo akaba yavuze ko Diamond afise ico yamubonyemwo catumye ashima ko bakorana, kuko ngo abo bari guhamagara bagakorana ngo ari benshi ariko bahisemwo we.

Muri ino misi iheze, ukwo gukorana hagati ya Diamond na Mwijaku akaba ariyo nkuru yarigezweho muri ico gihugu ivyaco bibazwa Mama Samia Suluhu Hassan.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037