East Africa NewsAyagezwehohomepageIKIRUNDI_news

Hakozwe Rolex ipima 204 Kg, iba ibaye iya mbere kw’isi  

Ikigo Guiness World Records giheruka kwemeza Rolex ya mbere nini kw’isi muri Uganda, aho iyo Rolex yapima 204,6 Kg hamwe 2,32 m z’uburebure.

Ico gikorwa giheruka kubera mu buraruko bw’umugwa mukuru wa Uganda kikaba cahuje umugwi w’abantu 60 urimwo abatetsi bakomeye muri ico gisagara barenga 14 hamwe n’igihe kitari gito c’ukubitegura nk’uko bishikirizwa n’ababiteguye.

Nk’uko bishikirizwa na Raymond Kahuma umu Youtubeur wo muri Uganda ari nawe yabiteguye ngo bari bagerageje kubikora muri 2020 aho vyapfuye bimaze kubatwara ayarenga 3000$ (arenga gato imiliyoni 9 z’amarundi).

Iyo Rolex yafashe ikibanza ca 1 ikaba yari igizwe n’amagi 1200, 72kg z’ifarini, 40kg z’amavuta yo guteka hamwe na 90kg z’itomati, ibitunguru, amashu, amakaroti hamwe n’ama Poivrons. Noneho bifata amasaha arenga 14 yo kubitegura.

BBC ikaba mu nkuru banditse kuri ico gikorwa bamenyesheje ko ico kiribwa catanguriye mu batekera kw’ibarabara bakigaburiye abanyeshure bo kuri Makelele University noneho gica gitangura gukwiragizwa muri bindi bice.

Mwomenya ko Rolex ari bimwe mu biribwa bikunzwe cane muri Afrika y’ubuseruko kuko guhera muri Kenya gushika hano iwacu kiribwa kandi cane kuko ari kimwe mu binyaruka gukorwa mbere n’ukukirya bikaba bidasaba ko wicara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688