IKIRUNDI_news

Hamenyekanye ibanga tutari tuzi igihe umuvyeyi wa B kobra yashinguranwa iteka

N ‘ umubabaro udasanzwe iyo uramutse wibonera neza uwawe ko ugiye kumusiga mu kinogo nawe ugataha ubutazosubira kubonana, biragoye kwihanganira nubwo tubisabwa kuvyakira kuko biva k’umugambi w ‘ Imana.
Abaririmvyi batari bake bari baherekeje B Cobra kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2021 mu gushingurana iteka umuvyeyi wiwe .

Ku Mpanda akaba yari aherekejwe kandi n’ incuti n’abagenzi.
Bakaba basigaye ari abana 4 abakobwa ba 3 n’umuhungu umwe umuhererezi akaba afise imyaka hafi 6 n’ umuvyeyi wabo nyina abavyara.

Ico twahamenyeye ni uko umuririmvyikazi khaila nawe aje yerekana ko afise impano yiwe ari umuvukanyi wa B kobra.

Indundi Magazine ikaba ihojeje umuryango wabuze na cane cane abo baririmvyikazi ba 2 babuze umuvyeyi wabo aribo
Khaila na B kobra.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036