homepage

Hamenyekanye ico Diamond yibaza ku bamuvuga nabi

Kumuvuga nabi ngo ntaco bimutwaye, ivyo nivyo Diamond asanzwe akunda gusumba kumuvuga neza. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umwe mu banyarusaku muri Tanzania.

Ivyo akaba yabishikirije mu gihe yariko abazwa igituma avuga cane nabi Diamond gusumba uburyo amuvuga neza. Uwo munyarusaku Carry yavuze ko naho abantu batabizi ngo ivyo akorera Diamond, ngo nta kibazo Diamond bimutera.

Aho mu gihe abandi nka Wema Sepetu bo batavyerekwa, ariko ngo hari n’abamurondera ngo abavuge nabi kuko bamaze kubona ko arivyo bituma bamenyekana cane kandi ibintu vyabo bigakurikiranwa. Ukubavuga nabi ngo bamwe bakaba banamuha amafaranga ngo abikore.

Uwo munyarusaku akaba yabandanije abwira imboneshakure dukesha ino nkuru ko kandi impamvu avuga cane Nasibu Abdoul Juma ngo ari ukubera uwo muririmvyi we ariwe amuzanira ifaranga. Kuko we ngo we adasiba kugira ico akoze kimuzanira abantu kandi gituma abantu bakurikirana ivyo yanditse.

Carry akaba yavuze ko ico abantu batazi ngo nuko we aronka abamukurikirana benshi gusumba abavuga neza Diamond, kandi ngo hari ibikorwa bitandukanye bitari kumenyekana iyo atavuga nabi Diamond.

Mwokwibuka ko Diamond Platnumz ari umuririmvyi wa Mbere muri Tanzania avugwa cane mu binyamakuru, baba abamuvuga neza co kimwe na nabi. Akaba kandi ari mu baririmvyi bafatirwa ibihano cane n’ibinyamakuru bitandukanye ku kibazo c’ukuvuza umuziki wiwe, aho tukavuga nk’ibinyamakuru East African Radio & Tv hamwe na Clouds TV & Radio.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686