IKIRUNDI_news

Hamenyekanye izina ry’igikorwa Masterland agira asohore

Ni mu gihe twari duheruka kumubona mw’ihiganwa rya Tagata na Primustar aho yashitse mu gice gishira ica nyuma ariko ntiyaronka amahirwe yo gutahukana agashimwe kuko kari kagenewe batatu ba mbere.

Hagati y’aho yarerekanye ko bitamuciye intege mu gukeza ahubwo abatunganije iryo higanwa ko boguma ku kivi n’iyindi myaka rizogume ritunganywa.

Ni muri ico gihe nyene yaciye atwereka amafoto ari kumwe n’abakinyi ba Ninde ahamagarira abakunzi biwe ko hari igikorwa kiri mu nzira.

Umwanya ntiwari muto twari turindiriye tugerageje kuvugana nawe yavuze ati : “indirimbo yaheze vuba ndayirekura ariko titre sindashima kuyivuga.”

Igenekerezo rya 21 nyakanga 2021
niho yashimye gushira ahabona izina ryiyo ndirimbo n’ubu atarasohora ariko ico tuzi izoza ari audio na vidéo.

Tubandanye turindiranye ico gikorwa na rirya yari yatunyoteje.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036