IKIRUNDI_news

Hamisa Mobeto yaruciye ararumira ku bucuti bwiwe na Rich Ross

Hamissa Mobeto yanse kugira vyinshi avuga ku bucuti buri hagati yiwe na Rich Ross, aho hari mu kiganiro yagiranye n’imwe mu mboneshakure zo mu gihugu kibanyi ca Tanzania. 

Uwo muririmvyikazi, akaba kandi n’umunyamideri, yavuze ko ivyiwe na Ross na cane cane ivy’ukwimukira muri Amerika atarabihererwa uruhusha ngo agire ico abivugako. Ngo igihe kigeze abantu bazomenya ukuri.

Uwo mwgeme yavyaranye na Diamond, muri ico kiganiro Kiganiro bamubajije kandi ku bucuti buri hagati yiwe n’umwe mu bagore bavyaranye na Diamond Platnumz, Tanasha Dona, avuga ko babanye neza, kandi ko binashoboka ko hari ibikorwa bashobora gukorana, ubona ko bose basanzwe ari abaririmvyikazi.

Uwo mwigeme asanzwe anakorana na Belair, ishirahamwe risanzwe rihingura ibinyobwa biva mu muzabibu, Champagne, gisanzwe gifise icicaro mu bufaransa. Ngo ntibarabishira ahabona ariko baramaze gutangura gukorana. Ico kinyobwa kikaa gisanzwe kinamenyekanishwa n’ibindi bihagange kw’isi nka Ricky Ross ubwiwe, Diamond Platnumz n’abandi benshi kwisi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036