IKIRUNDI_news

Hano iwacu dupfa ibiri mu ndirimbo, Diamond we ariko yegeranya ama Miliyaridi

Mu gihe bamwe hano iwacu batadahengeshanya kwidoga ko umuziki ndundi ataco ubaha, mbere bamwe bakanisabira guhabwa ubushimwe kuko bamaze igihe bakora kandi bagerageza gukosora ariko  ntibabereke ko hari intambwe bataye, aho hirya bageze ku rugezo rwo guhabwa ama miliyaridi mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe.

Amafaranga ishirahamwe rifasha abaririmvyi kugurisha indirimbo zabo, Mziiki, riheruka guha Wasafi abamenyeshamakuru batari bake muri Tanzania, bayabonye nk’igitangaza. Ayo mafaranga Diamond Platnumz we nyene asanzwe amenyereye kwegeranya ama miliyoni y’ama dollard ayakuye mu mahanga ayajana muri Tanzania, yarahevye aravuga igitigiri cayo, ivyo atarasanzwe akora.

Uwo mukagato ungana n’imiliyoni 5 z’ama Dollards ya Amerika, nukuvuga angana n’imiliyaridi 9, n’imiliyoni 830 z’amafaranga ya hano iwacu, ayo mafaranga akaba yari amafaranga y’intango ahabwa kugira bukunde wemere mukorane ayo masezerano.

abagize Wasafi hamwe n’uwuserukira Mziiki basigna amasezerano yo gukorana.

Nkuko ibinyamakuru dukesha ino nkuru vyashikirije, abagize uwo mugwi bose wo muri Wasafi bakaba babashije gushira umukono kuri ayo masezerano azobaha ubushobozi bwo gushobora gukora cane gusumba, kuko bafise uwuzobahagarikira kugira bikunde bashike kure gusumba aho bari bageze.

Ayo masezerano akaba yaje akurikira ayandi yari yashizweko umukono na Diamond ubwiwe aho yagiriraniye amasezerano n’ishirahamwe Itel risanzwe rikorera mu bihugu bitandukanye muri Africa, aho azobafasha kumenyekanisha ibikorwa vyabo hirya no hino muri Africa.

None hano iwacu habura iki ngo ayo mashirahamwe abashe gukorana n’abaririmvyi bacu? Ngo abashe gukorana n’abanyamideri bacu?  Na rirya hirya no hino kw’isi bimaze kuboneka ko abarundi aho bari baba bameze nk’umuco mu mw’ijima.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036