East Africa NewshomepageIKIRUNDI_news

Haranuganugwa ko Diamond Platnumz yoba yatanze Inkwano kwaba Zuchu

 

Umuririmvyikazi w’umunya Tanzania, Zuchu ngo yaramaze gukobwa, ayo niyo Makuru aheruka gutangwa n’umuvyeyi wiwe Hadija Kopa.

Uwo muvyeyi akaba yabishikirije mu gihe hari hagize igihe Hari amakuru ko umuririmvyi Diamond Platnumz asigaye agendana n’uwo muririmvyikazi wiwe, s’aho gusa kuko no kuva yinjira muri WASAFI, haravugwa ko Bose uko Ari babiri basa n’abafitanye ubucuti budasanzwe.

Mama Zuchu akaba atabashije kwemeza canke ngo ahakane ivyariko bishikirizwa ko yoba ariwe yatanze Inkwano, ariko we akemeza ko hariho uwamaze kuzitanga.

Ubu hakaba hari ko hibazwa ko uwo ashobora kuba yatanze iyo nkwano kuri Zuchu ko yoba Ari Diamond Platnumz, naho atakiratomoka.

Mwokwibuka ko hamaze kuvugwa akatari gake ubugeni bwa Diamond Platnumz n’abagore bamaze kugendana mbere bakanavyarana nawe, uwa nyuma akaba Ari Tanasha umunyaKenyakazi nawe muri kino gihe asigaye ahagaze neza mu Muziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688