homepageSanté

Haribonekeza abafise indwara ya Cholera m’ubumanuko bw’igihugu

Abantu 40 nibo bamaze gufatwa n’indwara ya choléra m’uturere tw’ubuvuzi twa Gihofi mu ntara ya Makamba nyene. Murabo 8 kugeza ubu baracari mu bitaro nk’uko bivugwa na muganga Irakoze Simon Claude arongoye akarere k’ubuvuzi ka Gihofi.

Iyo ngwara ya choléra yibonekeje kuva mumpera z’ukwezi kwa ruheshi muturere tw’ubuvuzi twa Gihofi na Makamba. Ama communes yibonekeza abagwayi akaba ari Giharo na Bukemba zo mu ntara ya Rutana hamwe na komine Kayogoro yo mu ntara ya Makamba.

Muganga Irakoze Simon Claude arongoye akarere k’ubuvuzi ka Gihofi avugako abagwayi bagera Kuri 40 aribo bamaze kwibonekeza murayo ma communes uko ari 3.

Abagwayi bambere bakaba bibonekeje kuva kw’igenekerezo rya 25 ruheshi, abo nabo bakaba ngo bari baje bayivanye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya ahasanzwe havugwa ko igwiriye muri ino minsi.

Ayo makomine nayo akaba yose ahana urubibe n’igihugu ca Tanzaniya.

Muganga Irakoze Simon Claude akavuga ko iyongwara imaze kwibonekeza haciye hategurwa ikigo cakirirwamwo abo bagwayi kubitaro vy’akarere k’ubuvuzi ka Gihofi, imihana yibonekejemwo abagwayi irapompwa imiti yica uwo mugera, harategekanywa ibitanda bitoboye vyagenewe abagwayi ba bene izongwara hamwe no guhimiriza abanyagihugu amabwirizwa y’isuku.

Uwo muganga avugako kugeza ubu abagwayi 8 muri 40 bamaze gufatwa aribo basigaye mubitaro vy’akarere k’ubuvuzi ka Gihofi.

Muganga Irakoze Simon Claude aremesha abatuye muri ako karere ko ibikoresho vyo guhangana n’iyo ndwara bihari bikwiye ariko agasaba abanyagihugu kwijukira kunywa amazi meza kandi atetse.

Bamwe mubajejwe intwaro murayo ma communes basaba abo barongoye kugabanya umurindi wo kuja mugihugu kibanyi ca Tanzaniya kuko ho abagwayi ari benshi cane.

Ivyo biruko mugihe ayo ma komine ya Bukemba na Giharo zo mu ntara ya Rutana hamwe na Kayogoro ya Makamba zose ziri mu ntara kama ya Kumoso hakaba hanavugwa ubukene bukomeye bw’amazi meza. Abanyagihugu baho bakoresha ahanini amazi yo mu binogo.

Inkuru yanditswe na Serges Sindayigaya

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686