homepageIKIRUNDI_news

Hashinzwe Ubwiherero (WC) bahembwa aruko babukoresheje 

Ku bitegereza neza, baramaze kubona ko hari inzu zimwe zimwe zifise intsinga z’amatara ziva mu bwiherero bw’ibinogo. Izo nzu kenshi iyo ata cabaye, ntibakunda kubura amatara, naho aba yaka bukebuke cane. Muri Aziya ho hashizweho ubwiherero bukoreshwa mu kwakiriza amatara kamenuza burimwo.

Ubwo bwiherero bwiswe “Beevi” [Bee with Vision mu mambo yose] bwashizwe muri kamenuza muri Koreya y’epfo, aho umunyeshure akoresha ubwo bwiherero ahabwa agahembo. Uwo mwanda ukaba wifashishwa mu guhingura amatara akoreshwa muri iyo kamenuza, co kimwe na Gaz ikoreshwa mu guteka canke gushusha amazi, nkuko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ry’abongereza ribishikiriza.

Umwe mu bashinze ubwo bwiherero akaba yamenyesheje ko abantu bafata umwanda wo mu bwiherero nk’ikintu kitagira akamaro mu gihe ari ikintu gishobora kuvamwo vyinshi. Akarorero ni nkuko umwanda wo mu bwiherero ungana n’amagara 500, uvamwo ama Litiro 50 ya Gaz, 0.5 Khw z’amatara, canke Amatara yotwara imodoka urugendo rungana n’ 1,2 Km.

Abo banyeshure nabo bararyoherewe n’ukuba bagiye gushigikira mu gukingira ibidukikije, ariko kandi no kuba bazohora baronka uko bagura yaba amakaye, amakaramu canke utundi baba bakeneye nk’ikawa mu mahera angana na 10 y’ama Ggool ( Monnaie Electronique ) buri gihe bakoresheje ubwo bwiherero.

Mwomenya ko hari ibihugu bimaze gutangura kuza biregeranya umwanda muto kugira babashe kuwukuramwo amatara bakoresha mu buzima bwa misi yose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686