homepage

HE Magufuli yibukije ko Abana batwara inda bakiri kw’ishure bokwirukanwa

Mu gihe yaheruka kubwira aba Tanzania ko abatandukanya ivy’imvyaro ari abatagira ico babareresha, yasubiriye kwibutsa ko abazitwara bakiri kw’ishure nabo bobandanya gusezererwa.

Amakuru dukesha Aljariza avuga ko abakobwa batwaye inda bakiri kw’ishure ngo birukwanwa kw’ishure. Ivyo bikaba vyasubiriye kandi gusabwa na Dr John Pombe Magufuli umukuru w’igihugu ca Tanzania, agasaba ko iryo tegeko ryubahirizwe.

Abo banyeshure baba bagize ivyago bagatwara inda, ngo baraheza bagacaguzwa hagati y’umwana baba bibungenze n’ishure baba bariko bariga. Mukamenya ko mu gace bita Shinyanga muri Tanzania ariho hari igitigiri kinini c’abasama imbanyi muri ico gihugu ca Tanzania.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe uwo mukuru w’igihugu yaheruka kubwira abenegihugu ko uwushoboye kuvyara yovyara, kuko ugutandukanya imvyaro ari ivy’abadafise ico babareresha

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686