Entertainmenthomepage

Hosy Irakoze ngo ntiyarakwiye kwishura abamwagirije kwibungenga uwa 3 .

Hosy irakoze avugishije abantu ku rubuga rwa Twitter, bamwe batangura kumutuka babaza nimba yoba yibaza ko ari Umugore wa Elon Musk, nyene Twitter.

Uwo mumenyeshamakuru akaba na nyene ikinyamakuru Siren Vibe, yanditse asubiza abantu bari bagize imisi bavuga ko yoba yibungenze, none ivyo yasubije vyabaye iciro ry’umugani Kuri urwo rubuga.
Mama Bawili akavuze abanye Congo, yavuze ko ngo abantu bariko barakwiragiza urwo rusaku ko yibungenze, ngo nibagabanye ishavu bakore ivyunguka.
yagize Ati :” Sinibungenze, Kandi n’ubwo noba nibungenze, mu gihe umubiri ubatwara atari rwawe, akaba ata gikopo ca France Lait uranterera Kandi nkaba ntiba kugira ndere abana banje, Ncuti ivyo bintu ntibikuraba.”
Amaze kwandika ivyo, mu misi 2, abarenga 40,000 bari bamaze kubikubitako akajisho Kuri urwo rubuga rwa Twitter, rusigaye ruhurumbirwa n’imiyabaga itari mike.
Hosy yateranye amajambo na bamwe mu bagize ico bashikiriza, abandi baramushigikira, abandi bamusaba kwihangana agatsinda ishavu.
Ubwo butumwa bwasa n’ubusubizwa igihe Nelly Nat na Simbizi wa Semavumba bari bagize imisi basangiza ababakurikirana, bamwe bavuze ko uwo mumenyeshamakuru atarakwiye kwishura abariko baramuvuga, kuko ngo vyerekana ko yamaze Gutera intambwe, none abantu bose bashaka ko baterana amajambo.
Hosy ku baterekwa ko agira ico avuga kuvyo yagirizwa, yababwiye ko urubuga rwa Twitter ari rwiwe, Kandi ko afise uburenganzira bwo gushirako ico ashaka, Kandi afise uburenganzira bwo kugira ico ashikiriza kuri iyo nkuru canke akabireka.
Kuri ivyo vyo kuvyara Kandi, hari uwamuhanuye ko yoraba agahagarika kimwe, kuko ngo ugukora akazi akora, hamwe no kuvyara ngo ntibijana. Uwitwa NDIHOKUBWAYO Kuri Twitter yamuhanuye kuraba akabanza akarindira ashikanye imyaka 40 akaba ariho azoca aja muvyo kuvyara.
Hosy nkuko yabishikirije akanya ngo yari yakaronse, yaciye amubwira ko ivy’abana niwe n’akazi akora, ngo atawe yigera asaba ko abimufashamwo.
Iyo ntambara ikaba yakomotse ku kiganiro Girlfriend Hosy irakoze na mugenziwe Gretta baheruka gukora, aho bagaruka ku nkuru z’abavugwa ko bivye ama modoka Kandi bitwa ko ari aba Influencer. Nikwo guhamagara uwavugwa ko ariwe nyene imodoka itukura yari igize imisi izunguruka mu bantu, basaba ko uwobona aho iri agashimwe azogahabwa.
Ico kiganiro nticaryoheye Idriss Simbizi kuko uwavugwa naho abatamuvuze mw’izina, i FOTO yari yasohotse imbere yerekana ko ari mushikiwe, kuko kanatsinda nawe nyene yaravyanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook.
Inyuma y’ico kiganiro rero, uwo Mugabo akunda kuvuga akatari gake ko azoroga abantu, bamwe bamwe yahavuye atangura gushikiriza ko uwo mumenyeshamakuru yibungenze umwana wa gatatu, akanongerako ko na se w’umwana yoba amuzi.

Hampande ya Simbizi wa Semavumba, na Nelly Nat umunyarusaku nawe ntiyamugeze umutwe, kuko uko aronse akanya, agira akantu agobetse Kuri Status ya Whatsapp yiwe, aho yamutoreye n’amazina tutoshima gusubiramwo.
Hosy mu ma Commentaire yabashije kuboneka kuri ya Post ya Twitter twababwira, yamenyesheje ko we abamuvuga bibinjiriza ngo n’ukubafasha yobafasha, nayo kubishura ngo yabikoze kubera yarafise akanya, ngo niyasubira mu bikorwa abamuvuze barasigara barivugana.

Ku ruhande rwa Nelly Nat we akaba aheruka kumenyesha mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru, ko uwo mumenyeshamakuru Hosy Irakoze ari umwansi wiwe. Aha akaba yavuga ko arico gituma ico kinyamakuru ciwe Siren Vibe atashimye kugitumira.

Ivya Hosy irakoze na Nelly Nat bikaba atari bishasha, kuko bigeze no gufungana, aho Nelly yafunzwe akanya gato aho yari yitwariwe n’abagize umugwi ukora ikiganiro Fun and Fact gica Kuri siren Vibe. N’ubu iyo migwi Ibiri ikaba idacana uwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722