IKIRUNDI_news

I Kigali aba DJ bavugiriza umuziki ingurube akazi karabandanya, abavugiriza abantu karahagaze

Ab’aho hambere bavuze ngo aho umwe aburiye, niho uwundi aronkera. Aba DJ batari bake I Kigali barahagaritse akazi k’ukuvuza umuziki kuko ibirori bitandukanye vyahora bitegurwa, co kimwe n’ubutambiro butandukanye bubarizwa I Kigali bwarahagaritswe kubera ikiza ca Corona Virus. Ariko hari n’abandi bahavuye babukura mu cibo.

Hari icigwa cakozwe cerekana ko umuziki ari kimwe mu bituma ibitungwa bibaho neza, nk’inka zikabona gukamwa cane gusumba uko zahora zikamwa, ivyo nivyo biriko biba aho umutunzi w’I Kigali atungiye ingurube ziwe, kuko zivugirizwa umuziki ijoro n’umutaga.

Iryo raro rero  rikaba rikoresha aba DJ 2 bakurakuranwa mu kuvugiriza umuziki  ivyo bitungwa nkuko vyashikirijwe n’uwo mutunzi, Sina Gerard, asanzwe ari nyene ibiribwa bitari bike bikundwa n’abarundi co kimwe n’abanyarwanda batandukanye, baba abari kure co kimwe n’abari muri ivyo bihugu 2.

Sina Gerara, nyene ihinguriro rikora ibiribwa bitari bike bikunzwe i Kigali, nk’akabanga n’ibindi, akaba kandi anafise n’amararo y’ingurube zivugirizwa umuziki ijoro n’umurango 

Muri ico kiganiro bamubajije ubwoko bw’umuziki ivyo bitungwa vyiwe bisanzwe bivugirizwa n’abo ba DJ bakora ijoro n’umutaga, yamenyesheje ko zivugirizwa umuziki ugenda gahorogahoro kugira zituze kugira noneho zibashe kwugwira cane.

Nkuko yabandanije abishikiriza,ngo mu gihe aba DJ bahagarika akazi kubera ibirori vyari vyugawe, we aba DJ biwe bacurarangira ingurube ziwe niho akazi kari gakomeye cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037