BurundiHealthhomepageIKIRUNDI_news

Ibiciro vyo kwipimisha Covid-19 ku ngenzi zizoca ku rubibe rwa Gatumba

Amadorari y’abanyamerika 30 ku banyamahanga hamwe n’amafaranga y’amarundi ibihumbi 15 ku barundi niyo ingenzi izotanga kugira ipimwe umugera wa Corona, yinjiye i Burundi iciye ku rubibe rwa Gatumba Uburundi buhana n’igihugu ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo ruzokwugururwa kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 1 Ruheshi.

Icegera c’umukuru w’umugwi w’igihugu ujejwe kugwanya ico kiza, yabivuze ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, mu nama yari yatunganijwe n’uwo mugwi. Thaddée Ndikumana yasiguye ko abinjiye bose bazopimwa nk’uko bikorwa ku kibuga c’indege.

Umushikiranganji Ndikumana Thaddée yamenyeje kandi ko ibikorwa nk’ivyo bizobera n’i Kobero hamwe n’i Mugina mu minsi iza. Yasavye abanyagihugu kubandanya bakurikiza ingingo zafashwe mu kwikingira ico kiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717