IKIRUNDI_news

Icongereza ca Big Fizzo cateje uruhagarara

Ababizi nibo bakunze kuvuga ko izo ndimi mvamakungu tuvuga zaje n’indenge, ngo nta wuzimenya neza, kuko atari urwo uba waravukanye. Ku rubuga rwa Facebook rwa Mugani Desire muzi cane nka Big Fizzo, intambara irasutamye, aho bamwe bariko bapfa icongereza uwo muririmvyi yakoresheje avuga ko ejo azosohora indirimbo nshasha.

Haraheze imyaka itari mike, umuririmvyi Jux akoranye indirimbo na Big Fizzo, ariko iyo ndirimbo isa n’iyibagiranywe. Mugani Abajijwe, yavuga ko igihe kitaragera, kugira abashe gushira ahabona iyo ndirimbo.

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 19/7, niho Big Fizzo yamenyesha ko uwo mwumwa abakunzi b’ibikorwa vyiwe bari bagiranye imisi uzohera ku musi w’ejo.  Ariko icongereza yakoresheje cateje uruhagarara, kuko bamwe babona ko atariko yari kuvuga, abandi nabo bakabona ko yakivuze neza cane.

Iyo ntambara iriko ibera kuri urwo rubuga rwa Facebook rutaraba Verified nka Instagram yiwe, yahuje abamukurikirana batabona kumwe uburyo yahadikirije irivuga “to drop”, ntirabonekamwo uwo muririmvyi ubwiwe, kuko kanatsinda ntakunze kubishura kenshi gose.

Umwe yagize ngo Big Fizzo ntiyari kuvuga ngo “Tomorrow I am Dropping”, ahubwo yari kwandika ngo “Tomorrow I will drop”. Ico cabaye ikiganiro gikomeye, kuko n’uwamukosore nawe yakosowe ngo ntiyari kwandika “Which kind of English”, ahubwo yari kwandika “What kind of English”.

Izo mpari naho zariko ziba, hari abandi bo bariko baramusaba ko atobabesha, noneho ejo ngo iyo ndirimbo ntizosohoke.  Abandi nabo bakaba bagumye bavuga ko uwo agiye kubamara inyota bamaranye imyaka 3.

Mwomenya ko abantu biteze indirimbo yakoranye na Juma Jux yakorewe amasanamu aho yari mu rugendo muri Tanzania ajanywe n’ugukina mw’ireresi ryahuje abaririmvyi batari bake bo muri Afrika y’ubuseruko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037