IKIRUNDI_news

Idriss ngo abaririmvyi ntibari bakwiye kwirariranira

Idriss ngo abaririmvyi bari bakwiye kumenya ico bari, n’ivyo barekuriwe n’ivyo batarekuriwe, ariko kandi bakanamenya n’umuriro bagiye kwatsa ico ugiye gukora, kuko hari uwo watsa wo gushusha ivyo kurya, ariko hari n’uwo watsa ngo ukaguturira.

Mu kiganiro na Juste Gael, Idriss Simbizi yagarutse ku kibazo gihuza Bainturo na Mow Kanzie aho avuga ko gufungishanya ata kamaro birimwo mu gihe mukora akazi kamwe. Kubwiwe ngo igikomeye nuko umuntu yogenda bakabiheza ari 2.

Yongerako ati : “ We nkubu dufitanye amatati jewe nawe dukora akazi kamwe, si mpaka ngende mu butungane, hariho ukuntu tubiheza. Kubera hariya mu butungane ntibigera bamenya, ati uyu n’umuririmvyi, bamenya bati uyu n’umunyagihugu, rero umaze kuba umunyagihugu ntuvuga ngo urumva turi abaririmvyi, aya ma challenge nibiki vyose mu mategeko ntana hamwe vyanditse. Iyaba vyonakunda tubisavye, hoba sentare ituraba, y’utugenegene.”

Iyo ngeso yo gukora amakosa y’indenzarugero ngo ishobora gutuzwa, ariko habanje kuba ugushigikira abo baririmvyi ubwabo, kuko ngo iyo bakoze neza ntawubibona, ariko iyo batirimutse gato, abantu bose babatera amabuye.

Naho Idriss agaruka cane ku rukundo hagati y’abakora akazi kamwe, uwo muririmvyi avuga ko na Bainturo yarenze umurongo utukura.

Ivyo uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe abantu baguma bagira ico bavuze kuri iyo Dossier, aho bamwe babona ko Monna ata kosa yakoze, mu gihe abandi bamuvumira ku gahera kubera ngo yitwariye umuririmvyi mugenziwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037