homepageUbudandaji

Igiciro c’indagara caraduze mu gisagara ca Bujumbura

Mu kiringo c’amezi 3 gusa igiciro c’indagara zumye caduze kumfaranga agera kubihumbi 50 mu mafaranga y’amarundi ku masoko atandukanye yo mugisagara ca Bujumbura.

Iryo duga ry’igiciro c’indagara rifatwa nk’imboneka rimwe n’abadandaza eka nabazihereza bagereranije n’ibindi bihe bihise wasanga ikilo kigugwa amafaranga ibihumbi 40 iyo zazimvye rwose.

Ukwo kuduga kw’igiciro gutuma abihereza ico gifungurwa bagabanya urugero bahora bagifungurako,uwahora agura ikilo ubu agura inusu.

Abasanzwe badandaza icogifungurwa berekana ko ubuhinga  bwo kuroba budateye imbere bwoba buri mubituma indagara zikena mbere n’ibiciro bigaca biduga .Aha kandi abo badandaza barongeraa kandi bagashikiriza ko kubona indagara ziva mu ghugu ca Tanzaniya zitacinjira navyo biri mu bituma ibiciro biguma biduga.

Baba abadandaza baba abaguzi bose bahuriza ko hokwigishwa ubuhinga bugezweho mu kuroba kugira indagara zibineke ku rugero rukwiye n’abazihereza boroherwe.

Mu mezi 3 aheze ikiro c’indagara mbisi cagurwa hagati y’ibihumbi 20 na 25 ubu kigurwa hagati y’ibihumbi 35 na 40. Muri ico kiringo nyene indagara zumye bita gahuzo zavuye ku bihumbi 80 zija ku bihumbi 130 mu mafaranga y’amarundi.

Inkuru yanditswe na Christa Lyse Harerimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686