homepagekirundi_Sports

Intamba mu rugamba z’abakinira mu Burundi baraye batsinzwe na Vital’o Fc

Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abakinira mu Burundi uriko witegurira inkino zo kurondera itike rya CHAN waraye utsinzwe n’umugwi wa Vital’o Fc .

Hari kuri uwu wa gatatu Igenekerezo rya 20 Kigarama umwaka wa 2023 igihe c’isaha icenda (15h00) ku kibuga c’Ubuhinga kiri mu Ngagara ( CTN) aho umugwi Intamba mu rugamba w’abakinyi bakina mu Burundi wari wakiriye Vital’o Fc mu rukino rwa gicuti , urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi Vital’o Fc utsinze Intamba z’abakina mu Burundi igitsindo 1-0, igitsindo cinjijwe na Gakari Djuma .

Urwo rukino rukaba ari urukino rugira 3 Intamba mu rugamba zikinye , Inyuma yo gukina inkino zibiri za gicuti n’umugwi Royal Vision 2026 ukina mu cicaro ca kabiri .

Urukino rwo gusubiriza ruza kuba kuri uwu wa kane Igenekerezo rya 21 Kigarama 2023 igihe c’isaha icenda (15h00) ku kibuga CTN kiri mu Ngagara.

Mwomenya ko umugwi Vital’o Fc wimirije gufata urugendo muri ino misi werekeza mw’izinga rya Zanzibar mu ntumbero yo kwitabira inkino za Mapinduzi Cup zigiye gutangura Igenekerezo rya 28 Kigarama 2023.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 806