BurundiÉnergieIndundi Cinemakirundi

Ihiganwa rya Miss Burundi ryoba rigiye gusubira gutunganywa?

Haraheze imyaka itatu, ihiganwa ry’umwigeme aserukira igihugu c’Uburundi ariwe Miss Burundi rihagaritswe ,aho no mu mwaka uheze ritashoboye gutunganywa neza nubwo ryari ryasubiye gutanguzwa.

Umugwizatunga Sultan Suleiman aramenyesha ko vuba rishobora gusubira kuba.

Sultan Suleiman akaba yabishikirije abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter aho yagize ati : “Ihiganwa rya Miss Burundi rishobora gusubira kuba ubu vuba.”

Sultan akaba yabishikirije mu gihe hari haheze amezi make asezeranye ko ishirahamwe arongoye ryitwa SS Entreprise rishobora gutunganya iryo higanwa mu gihe ubuyobozi bubijejwe bworirekurira.

Ivyo bikaba vyarashimishije bamwe n’abandi kuko abarundi benshi bari banyotewe kubona hasubira gutorwa umwigeme azoshobora guserukira igihugu ,kanatsinda akazoshobora kugiserukira mu mahiganwa mpuzamakungu kandi bakaba bizeye ishirahamwe SS Entreprise kubera uburambe rifise mu vyerekeye gutunganya amahiganwa n’ibiteramo bikomakomeye ubona ko SS Entreprise yerekanye ubushobozi bwayo mu biteramo bikomeye bimaze kuba nk’igiteramo ca Harmonise , Diamond na Fally Ipupa.

Miss Burundi rikaba rizogaruka guserukira amahiganwa amaze igihe ariko aratunganywa ku rwego rw’intara nka Miss Ngozi , Miss Gitega , Miss Kayanza n’ayandi akomeza avuka .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 507