homepage

Ihohoterwa ngo niryo ryatumye abatwara ibiduga bijana ibidandazwa babaye barahagarika ingendo

Abasanzwe batwara imodoka nini nini zitwara ibidandazwa biva muri Tanzania vyerekeza i Bujumbura bahagaritse izo ngendo bari basanzwe bakora bivanye n’uburyo ngo bafatwa iyo bashitse ku butaka bw’Uburundi.

Nkuko umwe mu batwara izo modoka yabiyagiye ikinyamakuru Kwizera Tv yo mu gihugu ca Tanzania ngo bazosubira gukora izo ngendo aruko abategetsi b’Uburundi na Tanzania babanje kuganira noneho bagatorera inyishu ico kibazo.

Nkuko babandanya babishikiriza, ngo muvyo banegura nuko iyo binjiye ataco bajanye mu modoka co gufungura ngo batakwemerera ko wururuka ngo ugire ico ugura canke ngo ugire ico usaba, kuko bavuga ko abo batwara ivyo bikamyo aribo bazana ico kiza ca Corona Virus. Ugize ikibazo ugafatwa aruko uri hanze y’iyo modoka ngo uraheza ugakubitwa, canke ukakwa amafaranga.

Aho mukamenya ko ubu imodoka zitwara ibintu zibicisha mu gihugu kibanyi c’Urwanda vyerekeza I Burundi zitakirekuriwe kwinjiza ibidandazwa kubera uwo mupaka co kimwe n’uwo Uburundi buhana na Congo yugaye. Ariko abashikiranganji bajejwe amagara y’abantu muri kano karere bakaba bari bemeranije ko borohereza ibijanye n’uguhanahana ibidandazwa muri ibi bihugu vya Afrika y’ubuseruko.

Ivyo bishitse mu gihe igihugu, akarere ka afrika y’ubuserukoo co kimwe n’isi yose bahagaritswe imitima n’ikiza c’umugera wa Corona kibandanya gusasika inganda hirya no hino, uno musi kikaba kimaze guhitana abarenga 60.000 kw’isi hose, nayo abarenga 1.700.000 bakaba bamaze gufatwa n’ico kiza barimwo 5 bamaze kuboneka hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686